Aleluya, aleluya. Uragahezagirwa, Mana Data, Mukama w’ijuru n’isi,
kuko wamenyesheje abatobato ibitangaza vy’Ubwami bwawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (11, 25-27)
Muri irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati: «Dawe, Mukama w’ijuru n’isi, ndagushemeza kuko wahishije ivyo bintu abanyabwenge n’abahinga, ukabimenyesha ibitazi. Ni ko Dawe, kuko ari ko wabishatse. Dawe yarampaye bintu vyose kandi nta n’umwe amenya Mwana atari Se, kandi nta wumenya Se atari Mwana, be n’uwo Mwana azoba yamumenyesheje.»